Uko wahagera

AU Igiye Gukura Intumwa Zayo mu vy'Umutekano mu Burundi


Umukuru w'Ubumwe umukuru w'urwego nyobozi rw'umuryango w'ubumwe bw'Afurika.
Umukuru w'Ubumwe umukuru w'urwego nyobozi rw'umuryango w'ubumwe bw'Afurika.

Umuryango w’ubumwe bwa Afrika yunze ugiye gukura mu Burundi intumwa zawo zahora zikwirikiranira hafi ikibazo c’uburenganzira bwa kiremwa muntu n’umutekano vyifashe muri ico gihugu.

Iyo ngingo yafatiwe mu nama rusangi y’akanama kajejwe amahoro n’umutekano muri uwo muryango yakoranye mu mpera z’ukwezi kwa kane. Abagize ako kanama bavuga ko iyo ngingo yafashwe inyuma y’uko babonye ko hari intambwe Uburundi bwateye mu kugarukana amahoro n’umutekano kuva imvururu zo mu 2015 zaduka.

Uwo muryango mu ngingo yawo wakeje indongozi z’Uburundi ku twigora uvuga ko zagize no ku matora yo mu kwa gatanu 2020 wemeje ko yagenze neza. Ikindi ubumwe bwa Afrika bushima ni imigenderanire igenda iraba myiza hagati y’Uburundi n’ibihugu bibanyi co kimwe n’Ubumwe bwa Buraya.

Umuryango w’Ubumwe bwa Afrika usaba Uburundi kubandanya inzira burimwo, bukabungabunga intambwe bwateye. Abegwa n’ubuzima bwa politike bose nabo basabwa kwihanganirana mu budasa bwabo. Amabanga y’izo ntumwa, y’izo ntumwa azorangira itariki ya 31 y’uku kwezi kwa gatanu.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu Albert Shingiro yashimye ingingo y'Ubumwe bwa Afurika yongera asaba ibihugu bitarakura mu bihano Uburundi kubivanaho vyihuta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG