Uko wahagera

Abagwanya Reta ya Libya Baragize Igitero ca Mbere ku Murwa Mukuru, Tripoli


Abagwanya Reta ya Libya Baragize Igitero ca Mbere ku Murwa Mukuru, Tripoli
Abagwanya Reta ya Libya Baragize Igitero ca Mbere ku Murwa Mukuru, Tripoli

Amabombe n’inkoho zikomakomeye vyaranyigangije umurwa mukuru w’igihugu ac Libya, Tripoli, mw’ijoro ry’ejo ku musi wa gatandatu

Abagwanya Reta y’igihugu ca Libya, baragize mw’ijoro yr’ejo ku musi wa gatandatu igitero ca mbere ku murwa mukuru wa Libya, Tripoli baabifashijwemwo n’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, O-T-A-N muvyo bibaza ko ari intambwe ya nyuma mu mugumuko w’amezi atandatu ugenewe gukura mMoammar Gdhafi ku butegetsi.

Amabombe n’inkoho zikomakomeye vyaranyigangije umurwa mukuru w’igihugu ac Libya, Tripoli, mw’ijoro ry’ejo ku musi wa gatandatu mu gihe Reta y’igihugu ca Libya yahakanye ko ata mugumuko uri ku murwa mukuru Tripoli.

Umuvugizi wa Reta ya Libya, Moussa Ibrahim yatangaje ko imigwi miyoti y’abagwanya ubutegetsi binjiye ku mugwa mukuru, Tripoli, ngo yamara baratujijwe, ngo igisagara ca Tripoli kikaba gitekanye muri iki gihe.

Amakuru yerekeye ingwano mu gisagara ca Tripoli, yaje amasaha makeyi inyuma yuko abagwanya Reta ya Libya batangaje ko bafashe ibisagara bibiri bikomeye vya Zawiya mu burengero na Brega mu buseruko.

Mu gisagara ca Zawiya, abagwanya ubutegetsi batangaje ko bari muri iki gihe mu bibanza vyari imbere yaho mu minwe y’inteko zishigikiye Gadhafi.

Umutegetsi akomeye w’abagwanya Reta ya Libya, yatangaje ejo ku musi wa gatandatu ko abagwanya ubutegetsi bigaruriye kandi igisagara ca Brega inyuma yuko bafashe igice kirimwo amahinguriro, kirimwo kandi ihinguriro rikomeye ry’ibitoro. Yamara ivyo vtivyashoboye kwemezwa n’inkuru zigenga.

XS
SM
MD
LG