Uko wahagera

Arsene Wenger Yasezeye Umurwi Arsenal


Arsene Wenger, umumenyereza mukuru w’umurwi w’umupira w’amaguru Arsenal wo mu gihugu c’Ubwongereza, yatangaje ko azosezera uwo murwi mu mpera z’ikiringo ca shampiyona y’uyu mwaka.

Wenger arangije imyaka 22 ari umumenyereza mukuru w’uwo murwi. Asezeye hasigaye umwaka ngo amasezerano yiwe ya nyuma arangire.

Umurwi Arsenal uri mu kibanza ca gatandatu muri shampiyona y’uyu mwaka mu Bwongereza. Bigaragara ko uwo murwi utazoshobora kurangiza mu mirwi ine ya mbere uyu mwaka. Ikizoba kibaye ikiringo kigira kabiri ca shampiyona y’Ubwongereza, umurwi Arsenal udashobora kurangiza mu mirwi ine ya mbere wikwirikiranya.

Uburyo bwonyene Arsenal ishobora kugaruka mu gikombe c’imirwi yabaye iya mbere mu karere k’i Bulaya n’ugutsinda igikombe ca Europa League.

Arsene Wenger, muri iki gihe afise imyaka 68, yatsindiye ibikombe vya shampiyona y’Ubwongereza bitatu n’ibikombe indwi vya FA Cups. Wenger yatangaje ko kuba yabaye umumenyereza mukuru wa Arsenal mu kiringo c’imyaka itari mike ryabaye iteka rikomeye kuri we. Abategetsi b’umurwi Arsenal bavuga ko uwuzomusubirira azogenwa mu buryo bwihuta bushoboka.

Arsene Wenger yagenyewe kuba umumenyereza mukuru wa Arsenal kw’italiki imwe y’ukwezi kw’icumi mu mwaka w’i 1996. Ni we mumenyereza mukuru yari amaze igihe kirekire cane kurusha abandi bamenyereza.

Mu myaka itari mike yiwe ya nyuma mu mabanga y’umumenyereza mukuru, inguvu z’umurwi Arsenal zagiye ziragabanuka ku buyro imyidogo y’abarorerezi yagiye iriyongera ku buryo badugije amajwi yabo hejuru basaba ko asezera.

Mu nkino za nyuma vyaribonekeje ko abarorerezi batari bake bagiye barihoza inkino z’umurwi Arsenal. Abitegereza ibintu bavuga ko biri mu vyaruhiye gutuma afata ingingo y’ugusezera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG