Uko wahagera

Antonio Guterres Uyobora ONU Arashaka Manda ya Kabiri


Umunyamabanga w'Umuryango w'Abibumbye Antonio Guterres

Umuyobozi mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, yatangaje ko azosubira kwitoza mu kiringo kigira kabiri co kuyobora iryo shirahamwe.

Ivyo yabitangaje icese ku musi wa mbere mw’ikete yarungikiye prezida w’urwego rukuru rw’ishirahamwe ONU, Volkan Bokzir. Umuvugizi w’ishirahamwe ONU, Stephane Dujarric avuga ko Guterres yanditse yishura kw’ikete yarungikiwe na prezida w’urwego rukuru rw’iryo shirahamwe, Volkan Bozkir ku musi wa gatanu w’indwi irangiye. Iryo kete ryamubaza aho ahagaze ku bijanye n’ikiringo kigira kabiri.

Mw’ikete ryiwe, Guterres avuga ko yiteguriye kuyobora ishirahamwe ONU mu kiringo kigira kabiri mu gihe ibihugu bigize iryo shirahamwe vyomwizera. Ikiringo ciwe c’imyaka 5 kizorangira kw’italiki 31 y’ukwezi kw’icumi na kabiri muri uyu mwaka w’i 2021.

Antonio Guterres, afise imyaka 71, yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Portugal. Yarayoboye kandi ishami ry’ishirahamwe ONU ryitaho impunzi, HCR. Yatowe gusubirira Ban Ki-moon inyuma y’amatora atari yoroshe yabaye mu kwezi kw’icumi mu mwaka w’i 2016. Guterres yatanguye icese amabanga yo kuyobora ishirahamwe ONU kw’itariki ya mbere y’ukwezi kwa mbere mu mwaka w’i 2017.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG