Uko wahagera

ANC Ishobora Kwegukana Intsinzi mu Matora ya Afurika y'Epfo


Umugambwe uri ku butegetsi mu gihugu ca Afrika y’epfo, ANC, uri imbere y’iyindi migambwe bihiganwa mu matora y’abashingamateka n’ay’umukuru w’igihugu. Ni mu gihe ibice 83 kw’ijana vy’amajwi bimaze guharurwa. Yamara vyerekana ko umugambwe ANC utashigikiwe nkuko vyagenze haheze imyaka 5 mu gihe hari ishavu rikomeye mu banyagihugu ku bijanye na ruswa muri Reta.

Umugambwe ANC uyobowe na Prezida Cyril Ramaphosa, waronse ibice 57 vy’amajwi mu matora yabaye ku musi wa gatatu. Ivyo ni ku bw’ivyatangajwe uno musi ku wa gatanu n’umurwi w’igihugu ujejwe amatora. Amajwi y’Umugambwe ANC akaba yagabanutse umuntu ayagereranije n’ayo uwo mugambwe wari waronse mu mwaka w’2014 igihe watsinda, n’ukuvuga ibice 62 kw’ijana.

Intsinzi y’umugambwe ANC ibonwa n’abatari bake ko izoha Prezida Ramaphosa akaryo k’ukugerageza kurwanya biboneka ruswa irangwa mu mugambwe wiwe. Umugambwe ANC wari wahaye icizeye kinini abanyafrika y’epfo ku ntwaro ya Prezida Nelson Mandela. Yamara Prezida Jacob Zuma yasubiriwe na Cyril Ramaphosa yatanze imihoho mu mwaka uheze inyuma yuko yagirijwe amarorerwa ya ruswa atari make.

Mu gikorwa ciwe c’ukwiyamamaza, Ramaphosa yaremeye ko hari ikibazo ca ruswa mu mugambwe ANC. Yemeye kudashira abantu barangwa na ruswa muri Reta yiwe.

Inyuma yuko atoye mu gice ca Soweto, Ramaphosa yemeye kurandurana n’imizi ruswa mu gihugu. Yamara abatari bake barindiye kubona ko azoshira mu ngiro ivyo yemeye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG