Umurwi wa M23 urwanya ubutegetsi bwa Kongo wemeza ko ari wo ugenzura ibice bitandukanye vy'ico gihugu birimwo igisagara ca Goma, n'ikibuga c'indege c'ico gisagara. Uno munsi, abiyerekana biyamiriza ingwano, baturiye ubuserukizi bw'ibihugu bitandukanye birimwo ubwa Amerika, Ubufaransa, Ubuholande, Ububirigi, u Rwanda n'ibiro vya ONU.
Amwe mu Mafoto y'Uko Vyifashe i Goma n'i Kinshasa muri Kongo
5
Kuri ino foto, hariko ibiziga vy'abasirikare ba Kongo, biri mw'iibarabara ry'igisagara ca Goma.n'abanyagihugu barengana baca muri iryo barabara.
This image contains sensitive content which some people may find offensive or disturbing - Click to reveal
Kuri ino foto, hariko ibiziga vy'abasirikare ba Kongo, biri mw'iibarabara ry'igisagara ca Goma.n'abanyagihugu barengana baca muri iryo barabara.
Kuri ino foto, hariko ibiziga vy'abasirikare ba Kongo, biri mw'iibarabara ry'igisagara ca Goma.n'abanyagihugu barengana baca muri iryo barabara.

6
Bamwe mu banyagihugu bo muri Kongo bari mu bahungiye mw'ikambi y'agategekanyo ya Rugerero iri i Gisenyi, mu Rwanda. U Rwanda rwavuze ko abo rumaze kwakira muri iyo kambi bagera ku 1200.

7
Umusirikare w'u Rwanda ariko asaka bamwe mu bahungiye ku butaka bwarwo. Mu bariko barasakwa, harimwo abahora batwara amamodoka ya ONU n'abasivile b'abakongomani.

8
Umupfasoni w'Umunyekongo, yikoreye akamatera yahunganye, anahetse n'umwana. Uwu, ari mu bahungiye mu Rwanda.