Uko wahagera

Burundi: Amasanamu y'Ibinogo Vyahambwemwo Abantu


Amasanamu y'ibinogo Amnesty International ivuga vyahambwemwo abantu
Amasanamu y'ibinogo Amnesty International ivuga vyahambwemwo abantu

Ishirahamwe riharanira agateka kazina muntu Amnesty International rimenyesha ko amasanamu ya za Satelite n’abantu bavyiboneye bamenyesha ko mu Burundi hoba hari ibinogo vyahambwemwo abantu benshi inyuma yaho inzego z’umutekano zitanye mu mitwe n’abitwaje ibirwanisho I Bujumbura.

Umuyobozi wa Amnesty International muri Afrika y’Ubuseruko, Muthoni Wanyeki, yamenyesheje ko ayo masanamu ar’ikimenyamenya ko abategetsi b’Uburundi bagerageje guhisha ubwicanyi bwakozwe n’inzego z’umutekano kugira ukuri ntikumenyekane.

Amnesty imenyesha ko igipolisi n’inzego z’umutekano zishe abantu kw’italiki cumi n’imwe z’ukwezi kwa cumi na kabiri inyuma y’ibitero vy’abitwaje ibirwanisho vyakozwe ku makambi atatu ya gisirikare ku murwa mukuru Bujumbura.

Igihe yagendera Ijwi ry'Amerika mu ndwi iheze, umuhanuzi mukuru mu vyerekeye gushikiriza amakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu Willy Nyamitwe, yavuze ko hashizweho umurwi wo gukurikirana ico kibazo.

XS
SM
MD
LG