Uko wahagera

Zimbabwe: Joice Mujuru Yashinze Ishyaka


Umunyapolitike yahoze ari soma mbike na Perezida wa Zimbawe Robert Mugabe yashinze umugambwe wa politike mushasha kugira ahangane na Mugabe agira akwize imyaka 40 ari ku butegetsi.

Uwo munyapolitike yitwa Joice Mujuru ejo kuwa kabiri niho yamenyesha ko ashinze umugambwe witwa “Zimbabwe People First Party” , canke umugambwe wa mbere w’abanyagihugu ba Zimbabwe. Joice Mujuru, niwe nyene agiye kurongora uyo mugambwe amenyesha ko azokuraho akarenganyo n’ibiturire birangwa mur’ico gihugu.

Perezida Mugabe aheruka gukwiza imyaka 92 y’amavuko, yatanguye kurongora Zimbabwe kuva kicikukira mu mwaka w’1980. Mugihe Mugabe aheruka kumenyesha ko agiye kwitoza gutwara ikindi kiringo mu mwaka w’2018. Abantu baribaza igihe azokukuruka.

Joice Mujuru, afise imyaka 60 y’amavuko, yigeze kuba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu kuva ku myaka ya 2004 gushika uwa 2014. Mu nyuma yaciye akurwa mur’ayo mabanga inyuma yaho yagirijwe n’umugore wa Mugabe ko ariko arategure guca ibice mu mugambwe ZANU PF uri ku butegetsi.

XS
SM
MD
LG