Uko wahagera

Siriya: Amerika Yongerereje abayifasha Intambara


Abagwanyi basanzwe bafasha Amerika mu ntambara ya Siriya
Abagwanyi basanzwe bafasha Amerika mu ntambara ya Siriya

Reta Zunze Ubumwe za Amerika imenyesha ko yongerereje abayifasha intambara yo muri Siriya, ikavuga ko yiteguye gukora ibitero vyo kwigizayo abagwanyi ba Reta ya Kisilamu mu gisagara ca Raqqa, aho uwo mugwi usanzwe waragize icicaro cawo gikuru.

Indwi iraheze, abategetsi bavuga kw’ari ngombwa kugira ico gisagara, cigaruriwe na Reta ya Kisilamu, gikugwe mu minwe y’abo bagwanyi. Bikavugwa ko abagwanyi basanzwe bafashanya na Amerika mur’iyo ntambara batari biteguye bihagije.

Kur’uyu wa kane, umuvugizi w’abagwanyi ba Siriya akaba yatangaje ko biteguye kuzunguruka ico gisagara, mu kurindira ko bakibohoza.

Yamara bivugwa ko uwo mugambi udashigikiwe n’Igihugu ca Turukiya, Amerika isanzwe iharura mubayifasha mur’ugwo rugamba. Turukiya isaba Amerika gutenyenya. Ni mugihe kandi Turukiya itemeranya na Amerika ku bagwanyi ba Siriya bari mubafasha iyo ntambara, bivugwa ko abenshi muribo ar’aba kurde. Abo nabo Turukiya ikaba isanzwe ibafata nk’umugwi w’iterabwoba.

XS
SM
MD
LG