Uko wahagera

USA Yongereje Abanyamahanga Baza Gukora vy'Imfatakibanza


Reta y'Amerika yafashe ingingo yo kwongereza igitigiri c'abanyamahanga, baza gukora vy'imfatakibanza muri ico gihugu imirimo itandukanye mu gihe c'ici.

Abantu ibihumbi 35 ni bo baziyongera uno mwaka. Ubundi amategeko y'Amerika yavuga ko igitigiri c'abanyamahanga bahabwa impusha zo kuza gukora uko umwaka utashe batarenga ibihumbi 66.

Kuva Perezida Donald Trump yaja ku butegetsi, ni bwo bwa mbere hazotangwa impusha zingana uko.

Ubushikiranganji bujejwe umutekano n'igisata c'abimukira bwasiguye ko muri izo mpusha/visa ziyongeyeko, ibihumbi cumi zizohabwa abakozi bakomoka mu bihugu vya Guatemala, El Salvador na Honduras. Ivyo bihugu vyatoranijwe imbere y'ibindi kubera ko vyemeye kuza birakira abimukira bagana Amerika baciye ku mipaka yayo y' amajepfo.

Ubuzi buza imbere mu bwo abo banyamahanga bakora burimwo ubujanye no kurima, kubaka amazu, gukora mu mahoteri, mu mazu y'uburiro no guhingura ibifungurwa.

Mu gihe visa zihabwa abanyamahanga baza gukora vy'imfatakibanza muri Amerika mu gihe c'ici, imara ikiringo kiri munsi y'umwaka umwe, habandanya havugwa ko hari abahabwa izo mpusha, binyuranye n'amategeko bagahitamwo kuguma muri Amerika.

Ubushikiranganji bujejwe umutekano, bubarizwamwo ivy'abinjira n'abasohoka bwavuze ko buzokora ibishobotse impusha zigahabwa abo biboneka ko bazosubira mu bihugu vyabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG