Uko wahagera

Amerika Yemeje Plasma de convalescence nk'Umuti wa COVID-19


Prezida Trump yaraye atangaje umuti wemewe mu buryo bwihutirwa n’ibiro vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika ko ushobora kuvura ikiza ca corona.

Prezida Trump yatangaje iyo nkuru y’uruhusha rwo gukoresha umuti wiswe “Plasma de convalescence” ejo ku musi wa mungu. Trump yavuze ko uyo muti, ugiye gukemura ikibazo c’ico kiza ubutagisubira inyuma, mu gihe umwe mu bategetsi biwe bakuru bajejwe amagara y’abantu yavuze ko ari intambwe ikomeye mu nzira yo gutuza ico kiza.

Yamara abahinga mu vyerekeye amagara y’abantu bavuga ko uyo muti ugikenewe kubanza gusuzumwa imbere y’uko abantu batangura kuwigina. Mu gutangaza iyo nkuru imbere y’uko ikoraniro rikuru ry’umugambwe w’Abarepublika ritanguzwa icese uyu musi ku wa mbere, Trump yishize imbere y’ibiro vya Reta Zunze ubumwe za Amerika FDA, bigenduza ibifungurwa n’imiti, mu bisanzwe bifata ingingo nk’iyo kandi bikayitangaza.

Iyo ngingo izotuma abarwaye ikiza ca corona baronswa uyo muti. Yamara urwo ruhusha ntirumeze nk’uruhusha rwemewe n’ibiro FDA mu buryo bwitondewe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG