Uko wahagera

Amerika Yavanye Sudani ku Rutonde rw'Ibihugu Bikora Iterabwoba


Abdallah Hamdock umushikiranganji wa mbere wa Sudani
Abdallah Hamdock umushikiranganji wa mbere wa Sudani

Ambasade ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri Sudani yatangaje uno musi ku wa mbere ko ico gihugu kitakiri ku rutonde rw'ibihugu bishigikiye iterabwoba.

Uwuserukira Amerika muri Sudani, yavuze ko iyo ngingo ishobora kuzofasha Sudani kuronka amadeni n’imfashanyo bitanzwe n’amakungu kugira ishobore kunagura ubutunzi buri mu bibazo bikomeye. Ivyo bizotuma kandi ico gihugu kitabandanya gukumirwa mu makungu.

Mu butumwa ku rubuga Twitter uno musi ku wa mbere, ambasade ya Amerika muri Sudani yamenyesheje ko ingingo y’ukuvana Sudani ku rutonde rw’ibihugu bishigikiye iterabwoba yagiye mu ngiro kuva uno musi ku wa mbere.

Umushikiranganji wa mbere wa Sudani, Abdalla Mamdok, yatangaje ko iyo ngingo ya Reta ya Amerika izoha akaryo igihugu ciwe ku bijanye n’iterambere hamwe n’ugusubira mu muryango w’ibihugu vyo kw’isi inyuma y’uko Sudani ikumiriwe mu kiringo c’imyaka 30.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Mike Pompeo, yavuze ko ingingo y’ugukura Sudani ku rutonde rw’ibihugu bishigikiye iterabwoba yafashwe inyuma y’uko reta mfatakibanza y’ico gihugu itangiye inzira nshasha mu kuvavanura n’iragi rya Omar al-Bashir yahoze ari umutegetsi atwaza agahotoro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG