Uko wahagera

Amerika Yagiriza Amahanga Kudomeka Umuriro mu Myiyerekano


Amerika yagiriza ibihugu vy’amahanga kwenyegeza umuriro kugira ibintu biyangare mu gihugu muri iki gihe c’imyiyerekano.

Abategetsi b’ubushikiranganji bw’ubutungane hamwe n’ibiro vy’inyamiramabi, FBI bavuga ko bafise ivyemeza bikwiye vy’uko ibihugu bidacana uwaka na Amerika biriko biragerageza kwikinga agahumbezi muri iyi myiyerekano kugira ibintu biyangare kurusha. Ariko abasesengura ibintu bavuga ko kuvuga ivyo bidahagije Amerika ikwiye gutanga n’ivyemeza.

Inyuma y’iyicwa ry’umwirabure George Floyd, Amerika ivuga ko hari ba mukeba bayo baciye batangura kubiba imbuto yo gucanishamwo abanyamerika, nkuko vyashikirijwe n’abategetsi mu gisata c’ubutungane, ariko banse gutanga amakuru ahagije kuri ivyo vyagiriji.

Naho ivyo bihugu bitadomwako urutoke, urwo rupfu rwatumye amakungu akurikiranira hagufi iyo myiyerekano. Ayo makuru aratangazwa cane mu binyamakuru vy’Uburusiya, Ubushinwa na Irani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG