Uko wahagera

Reta Zunze Ubumwe z'Amerika mu Bibazo Bikomeye vy'Ubutunzi


Imitahe ku masoko mpuzamakungu yatakaje agaciro kurushiriza uno musi ku wa gatanu. Ni inyuma y’ibiharuro vyerekana ko ubutunzi bwa Amerika buri mu bibazo bikomeye hamwe n’inyuma yuko Prezida Donald Trump agabishije gushira amatagisi mashasha ku bidandazwa biturutse mu gihugu c’Ubushinwa kubera yagiriza ico gihugu kuba intandaro y’ikiza c’umugera wa Corona.

Ugutakaza agaciro kw’iyo mitahe vyatumwe n’ivyatangajwe na Prezida Trump ku musi wa kane w’iyi ndwi ku ruhara rw’Ubushinwa ku vyerekeye amamuko y’ikiza c’umugera wa Corona n’ikwiragira ry’uwo mugera mu bice bitandukanye vyo kw’isi. Yagabishije gushira amatagisi mashasha ku bidandazwa biturutse mu Bushinwa mu gihe Reta yiwe iriko itegekanya ingingo z’ukwishura ku ruhara Ubushinwa bwagize ku bijanye n’ikwiyadukiza kw’ikiza c’umugera wa Corona.

Ivyatangajwe na Prezida Trump ku matagisi mashasha ku bidandazwa biturutse mu Bushinwa vyatumye ifaranga ry’ico gihugu rikoroka 0.7 kw’ijana vy’agaciro karyo umuntu arigereranije n’idolari ry’abanyamerika. Muri ico gihe ibiharuro vyerekana ko ubutunzi bwa Amerika bwagabanutse bikomeye cane mu mezi ane ya mbere y’uyu mwaka w’i 2020.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG