Uko wahagera

Amerika Iribuka Abasirikare Bayo Baguye mu Ntambara Zitandukanye


Leta Zunze Ubumwe z’Amerika kuri uno wa mbere iribuka abasirikare bayo baguye ku rugamba.

Amabendera mu gihugu cose yadugijwe gushika hagati mu ntumbero yo kwibuka abo Amerika ifata nk’intwari ziguze igihugu. Hambavu y’abo basirikare, Amerika uno mwaka iribuka kandi kuri uno musi uzwi kw’izina rya “Memorial Day”, Abanyamerika bababa ibihumbi ijana bamaze guhitanwa n’umugera wa Virusi ya Corona.

Ubushikiranganji bujejweabahoze ari abasirikarebwemeza ko ico kiza kimaze guhitana abakukuruke mu gisirikare barenga1000. Amerika ni co gihugu kiza imbere haba mu bwandu bwa COVID19, canke mu kivugwamwo ibitigiri vyinshi vy'abamaze guhitanwa n'uyo mugera.

Uno munsi wa“Memorial Day”, wama wibukwa uko umwaka utashe buri wa mbere wa nyuma w’ukwezi kwa gatanu, ufatwa nk’umunsi utangurira ibihe vy’ici muri Amerika. Uno mwaka yamara, utandukanye n’iyindi yawubanjirije kubera ikiza ca Virusi ya Corona: Usanze Abanyamerika baharurwa mu mamiliyoni baratakaje ubuzi bwabo, abenshi ntibaza guhura n’imiryango canke incuti zabo nkuko bahora babigenza kubera gahunda ya guma mu rugo n’ingendo z’indege zagabanutse.

Bitegekanijwe ko Perezida w’Amerika Donald Trump na madamu wiwe batwara ingori z’amashurwe mw’itongo rishingurwamwo intwari z’Amerika, riri ahitwa Arlington muri Reta ya Virginia, mu miucungararo y'umurwa mukuru Washington DC. Bavuye aho baza kwerekeza ahitwa Baltimore muri Reta ya MD, ahari ikigo ca gisirikare bitegekanijwe ko avugiramwo ijambo.

Umukuru w’igisagara ca Baltimore, Jack Young yari yiyamye Trump avuga ko adashaka ko aza mu birori vyo kwibuka intwari, amwagiriza gutanga “Ubutuma buyovya no kuba yaratanze akarorero kabi mu kwanka kwambara agafuka munwa”.

Hagati aho, Reta ya New York iri mu zambere zashegeshejwe na virusi ya Corona imaze gutangaza ko yiteguriye kwongera kugurura imirimo imwe imwe

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG