Uko wahagera

Amerika Iragabisha Abazokorana n'Ubwato Bufise Ibendera rya Irani


Ubwato Adrian Darya 1
Ubwato Adrian Darya 1

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zagabishije uwariwe wese mw’ibahari Mediterane kudakorana n’ubwato butwara ibitoro bufise ibendera y’igihugu ca Irani buriko burengana muri iyo bahari inyuma yuko burekuwe n’abategetsi b’intara ya Gibraltar bari babufashe.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bubandanya kuvuga ko ubwo bwato, “Adrian Darya 1” butwaye ibitoro mu buryo budaciye mu mategeko bigenewe gufasha Irani na Siriya mu bikorwa vy’iterabwoba n’ugukandamiza abanyagihugu.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika buvuga ko abaribo bose bafashije ubwato, “Adrian Darya 1” bwa Irani bashobora kubonwa ko bashigikiye amashirahamwe agira iterabwoba Amerika yashize ku rutonde rwayo.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Mike Pompeo avuga ko ingingo y’abategetsi ba Gibraltar y’ukurekura ubwo bwato bwa Irani inyuma yuko babufashe kubera bwikekwa ko bwari bushiriye ibitoro igihugu ca Siriya mu birenga ku bihano vy’umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi ibabaje.

Yavuze ko igurishwa ry’ibitoro biri muri ubwo bwato vyogirira akamaro inteko z’igihugu ca Irani. Avuga ko ivyo vyofasha izo nteko kubandanya ibikorwa vyazo vy’iterabwoba. Atangaza ko ivyo arivyo bariko bagerageza guhagarika.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Irani, Abbas Mousavi yabwiye abamenyeshamakuru ku musi wa mbere ko Irani yagabishije Amerika kutagerageza mu buryo ubwari bwo bwose guhagarika ubwato bwayo butwara ibitoro, “Adrian Darya 1”. Avuga ko ivyo vyogira ingaruka zikomeye cane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG