Uko wahagera

Amerika Iracarindiriye Kumenya Uwatsinze Amatora


Umukandida w'umudemokrate, Joe Biden ariko abandanya aja imbere y'umukandida bahiganwa, Prezida Donald Trump, umurepublika.

Muri ico gihe, Trump ntiyemera ibiriko birava mu gikorwa c'uguharura amajwi.

Joe Biden abandanya kwubakira ku ntambwe yagize mu gitondo co ku musi wa gatanu kuri Donald Trump mu ma Reta ya Georgia na Pennsylvania, aho igikorwa c’uguharura amajwi kibandanya.

Naho hataragera ko hagira umukandida amenyekana ko yatahanye intsinzi, Biden ahagaze neza cane ku vyerekeye gutsinda amatora ya prezida.

Yamara abajejwe igikorwa c’amatora ba Prezida Trump ntibemera ibimaze gutangazwa vyerekeye amajwi amaze guharurwa n’ugutangazwa gushika ubu. Bavuga ko amatora atararangira.

Batangaje uno musi ku wa gatanu ko Prezida Trump azoruhira gutsinda amatora mu gihe biteze ko amajwi asubira guharurwa mu ma reta aho amajwi yegeranye cane hamwe n’imanza bashingishije mu ma sentare ku bijanye n’ivyo bidogera ku bijanye n’ivyagirizo ko habaye ubusuma mu matora n’ibindi bitagenze neza.

Joe Biden we asaba Abayamerika n’abamushigikiye kuguma batekanye bakarindira amajwi yose agaharurwa. Amenyesha ako niyo amajwi yose yaharurwa ata nkeka ko azagutsinda amatora.

Muri iki gihe, Joe Biden ari imbere mu majwi y’abanyagihugu batoye muri rusangi gushika ubu. Ari imbere kandi mu majwi y’intumwa ziserukira abatora mu ma reta atandukanye. Amajwi y’intumwa ziserukira abatora 270 ni yo akenewe kugira umukandida atahire intsinzi y’ukuyobora igihugu mu kiringo c’imyaka ine.

Hamwe Biden yatahira amajwi 16 y’intumwa ziserukira abatoye muri Reta ya Georgia n’amajwi 20 y’intumwa ziserurkira abatoye muri Reta ya Pennsylvania azoba aronse amajwi 299 muri rusangi kubera muri iki gihe afise amajwi 253.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG