Uko wahagera

Amerika Ihangayikishijwe na Ebola muri Congo


Bamwe mu bakozi bakorera mu gisata c'amagara y'abantu bariko batanga incanco za Ebola
Bamwe mu bakozi bakorera mu gisata c'amagara y'abantu bariko batanga incanco za Ebola

Umutegetsi akorera ibiro vya Reta ya Amerika bijejwe iterambere mu makungu, USAID yatangaje ko reta ya Amerika itewe umutima uhagaze n’ikiza ca Ebola cadutse mu ntara yo mu buseruko bwa Congo irangwamwo ingwano, aho abantu 312 bamaze gufatwa n’ico kiza, mu gihe abandi 191 bamaze gupfa.

Nk’uko uyo mutegetsi abivuga, igiteye amakenga cane ni uko ivyo vyatumye abakozi bajejwe kwitaho amagara y’abantu bagira ingorane zo kwigiza kure abamaze gufatwa n’iyo ngwara. Ubwandu bw’ico kiza bwariyongeye cane mu misi iheze.

Igihugu ca Uganda kibanyi ca Congo kiramaze gutangaza ko catanguye guha urucandago abakozi bajejwe kwitaho amagara y’abantu mu mugambi wo kubakingira mu gihe ikiza ca Ebola cotandukira igihugu ca Uganda.

Umutegtsi akorera ibiro vya Reta ya Amerika bijejwje iterambere kw’isi USAID, yavuze ko kuva ico kiza cadutse mu kwezi kw’umunani, reta ya Amerika yarungitse abahinga barenga 20 mu gihugu ca Republika iharanira demokrasi ya Congo, bagiye gukorana n’ubushikirangaji bw’ico gihugu bujejwe amagara y’abantu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG