Uko wahagera

Amerika Igabisha ko Afuganistani Ishobora Kwinjira mu Yindi Ntambara


Umukuru w'ingabo z'Amerika Mark Milley

Reta zunze ubumwe z’Amerika zigabisha ko Afuganistani ishobora kuzokwinjira mu yindi ntambara ikaze. Jenerali Mark Milley atwara ingabo z'Amerika yabibwiye abamenyeshamakuru. Asigura ko icuka kiri muri Afuganistani gishobora gutuma muri ico gihugu havuka imirwi y’iterabwoba itari mike irwanya ubutegetsi bwa gitalibani.

Jenerali Milley asanga bizogora abatalibani gushinga Reta ikomeza intwaro nziza, gutyo ku bwiwe intureka zikazoba urutavanako. Imwe mu mirwi y’iterabwoba uwo mutegetsi avuga ko ishobora kwongera kwiyubakira muri Afuganistani irimwo Al-Qaeda n’intagondwa ziyitirira idini rya kiyisiramu.

Naho uwo mutegetsi mu gisirikare c’Amerika avuga ko bigoye gutomora neza kazoza ka Afuganistani, yabwiye tereviziyo nyamerika Fox ko iyo mirwi y’iterabwoba ishobora kwongera gushinga imizi muri ico gihugu mu mwaka umwe canke itatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG