Umurepubulika Ted Cruz hamwe n’umudemocrate Bernie Sanders baracari inyuma mu vyerekeye amajwi ashobora gutuma baronka ikibanza co guserukira imigambwe yabo mu matora y’umukuru w’igihugu. Yamara, ku musi wa kabiri, bararonse intsinzi ikomeye mu matora yo mu ntango yabaye muri reta ya Wisconsin.
Cruz yasinze Donald Trump afise amajwi 48% ku majwi 35% ya Trump, akaba yavuze kw’intsinzi yiwe, ihinduye ibintu kandi isigura kw’abanyamerika baraye berekanye ko bari inyuma yiwe.
Uyo musenateri aserukira intara ya Texas, yaciye kandi ahindukirira Hillary Clinton ari imbere mu majwi ku ruhande rw’abademokrate, avuga kw’atazotsindira ikibanza co guserukira umugambwe w’abarepublika gusa, ahubwo azotsinda no mu matora y’umukuru w’igihugu mu kwezi kwa cumi na rimwe. Cruz yaciye agira ati: “Reka rero ndakubwire wumve Hillary, niwitegure, ndaje”
Donald Trump nta majambo yashikirije ejo ku musi wa kabiri mw’ijoro,. Yamara abategetsi bategura ibikorwa vyiwe vyo kwiyamamaza barasohoye itangazo rinebagura Cruz kw’ariko ashirwa imbere n’abantu bakomeye bo mu mugambwe batipfuza ko Trump atorwa mw’ikoranire ry’umugambwe. Iryo rizobera mu gisagara ca Cleveland muri reta ya Ohio mu kwezi kw’indwi. Bagize bati: "Ted Cruz ameze nk’igikoresho. Ameze nk’ifarasi iriko ikoreshwa n’abakuru b’umugambwe kugira ngo bibe umushingantahe Trump ikibanza co guserukira uyo mugambwe"
Imbere y’uko amatora yo muri reta ya Wisconsin aba, Trump yarafise amajwi y’intumwa 737 mu gihe Cruz yarafise amajwi y’intumwa 475. Bulamatari wa reta ya Ohio John Kasich nawe, yarafise amajwi 143.