Ambasaderi wa Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, Nikki Haley yatanze imihoho uno musi ku wa kabiri. Ivyo vyatangajwe n’ibinyamakuru vyo muri Amerika.
Umuvugizi w’ibiro vya perezida wa Amerika, Sarah Sanders, mu gatondo yari yavuze ko Perezida Donald Trump na Nikki Haley babonana mu biro vyiwe, Maison Blanche.
Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, perezida Trump yaciye avuga ko aza gushikiriza ijambo rikomeye ari kumwe n'umugenzi wiwe Nikki Haley.
Igitumye Nikki Haley atanga imihoho ntikiraja ahabona.
Facebook Forum