Uko wahagera

UK: Amatora Rusangi Yoba Agiye Gukemura Ikibazo ca Brexit?


Abongereza bagiye uno musi ku wa kane mu matora y’imbere y’igihugu. Ayo matora ashobora gutorera inyishu ikibazo kimaze igihe kirekire cerekeye ukuva kw’Ubwongereza mu muryango w’ibihugu vy’i Bulaya.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Boris Johnson, mu gikorwa ciwe c’ukwiyamamaza yashimikiye ku vyerekeye kuva burundu mu muryango w’ibihugu vy’i Bulaya. Amenyesha ko niyaronka igitigiri kinini c’abashingamateka mu mugambwe wiwe, “Conservative Party” ivyo bizomurekurira kuva burundu muri uwo muryango kw’italiki 31 z’ukwezi kwa mbere.

Uwo bahiganwa wo mu mugambwe, “Labor Party”, Jeremy Corbyn, yatangaje ko mu gihe yotsinda amatora Ubwongereza bwoca bugirisha referandumu nshasha mu ntumbero y’ugusaba abanyagihugu niba bagishaka kuva mu muryango w’ibihugu vy’i Bulaya canke bipfuza kuwugumamo.

Ivyatohojwe imbere y’amatora y’uno musi ku wa kane vyerekana ko umugambwe, “Conservative Party” wa Boris Johnson ari wo ufise amahirwe menshi y’ugutsinda amatora. Yamara mu misi ya nyuma y’ukwiyamamaza vyasa nuko uguhiganwa hagati y’abakandida bompi kwariko gutera kwegerana.

Vyitezwe ko ibiharuro vya nyuma bivuye mu matora bishikirizwa mu gitondo c’ejo ku musi wa gatanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG