Uko wahagera

Zambiya: Amatora Yabaye mu Mutekano


Abanyagihugu ba Zambiya mu matora,.
Abanyagihugu ba Zambiya mu matora,.

Mu gihugu ca Zambiya, igipolisi kirahakana ivyatangajwe n’ibimenyeshamakuru ku nkuru zivuga ko hari abanyazambiya baba hanze babujijwe gutora mu matora y’Umukuru w’Igihugu yabaye kur’uyu wa kane.

Rae Hamonga, umuvugizi w’igipolisi ca Zambiya yatangaje ko amatora muri rusangi yagenze neza, mu mutekano, kiretse ibibanza bimwe bimwe vyoba vyibonekejemwo imishamirano.

Umukuru w’Umugwi ujejwe gutunganya amatora muri Zambiya yarashimiye abapolisi uburyo baranguye umurimo wabo neza.

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike hamwe n’imigwi y’abahurikiye mu madini, bashikirije amakenga bafise ku mishamirano yabaye mu gihe c’imyiyamamazo, hagati y’abanywanyi b’umugambwe uri k'ubutegetsi Front Patriotique, n’abatavuga rumwe na Reta UPND.

Ababikurikiranira hafi bavuga ko igikorwa nyamukuru c’abapolisi bazogipima igihe ivyavuye mu matora bizoba vyatangajwe. Bakavuga ko ariho abo abanywanyi b’iyo migambwe itavuga rumwe bashobora gusubiranamwo, bivuye ko bamwe canke abandi banse ivyavuye mur’ayo matora.

XS
SM
MD
LG