Uko wahagera

Haiti: CENI Yatangaje Ikiringo c'Amatora y'Umukuru w'Igihugu


Umukandida Jude Celestin (hagati) mu matora y'Umukuru w'Igihugu muri Haiti, yari yabaye mu mwaka w'2015, ukwezi kwa cumi. Amatora yahavuye ahakanwa.
Umukandida Jude Celestin (hagati) mu matora y'Umukuru w'Igihugu muri Haiti, yari yabaye mu mwaka w'2015, ukwezi kwa cumi. Amatora yahavuye ahakanwa.

Muri Haiti, umugwi wa gateganyo, ujejwe gutunganya amatora watangaje kur’uyu wa gatanu ko amatora yo ku ncuro ya mbere azoba kw’itariki ya 20 z’ukwezi kwa 11. Amatora yo ku ncuro ya kabiri akazoca aba kw’itariki ya 29, z’ukwezi kwa mbere.

Ni mugihe ayo matora yari yateganijwe kuba mu ndwi iheze, araheza yigizwayo bivuye ku gihuhusi Matthew caciye aho muri Haiti mu ntango z’uku kwezi kw’icumi.

Mwomenya kandi ko aya matora yari yabaye mu mwaka uheze, ariko ntiyemegwa. bivugwa ko yabayemwo ubusuma, ari naho hadutse intureka zasize igihugu ca Haiti mu nryane za politike.

Prezida Michel Matelly, yararongoye igihugu yahagaritse amabanga yiwe mu kwezi kwa kabiri. Inama Nshingamateka yari yamusubirije vy'agateganyo na Jocelerme Privert, uyu nawe ikiringo yari yahawe c’iminsi 120 kikaba cari caheze mu kwezi kwa gatandatu.

XS
SM
MD
LG