Abategetsi bajejwe amatora mu mugambwe w’umushingantahe Wade, bavuga ko, bihweje ibiharuro vya mbere vy’amatora y’umukuru w’igihugu, hashobora kuba incuro igira kabiri, ngo kuko ata munyapolitike n’umwe yaronse amajwi 50%, akenewe kugira ngo amatora ntaje mu ncuro igira kabiri.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakurua ari muri presidence, umushingantahe Wade yasa n’uwumaze kubona kw’ata kundi, ibintu bizogenda; ayo matora azoja mu ncuro igira kabiri;
President Wade yavuze ko mu gihe ayo matora yoja mu ncuro igira kabiri, umugambwe wiwe hamwe n’iyndi migambwe icuditse nawo, yogira urunani kugira ngo umugambwe wiwe uzogume uri imbere mu majwi.
Macky Sall, yahora abonwa kuva kera nk’umutegetsi wo mu mugambwe wa president, yashobora kumusubirira, niwe aza mu kibanza kigira kabiri, kandi ashobora gushigikirwa n’abandi banyapoltike 12 barongoye imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi..
Kubera bisa n’ivyigaragaza kw’ayo matora azoja mu kiringo kigira kabiri, abarorerezi mpuzamakungu, bariko barafata imigambi yo kuba baragumye mu gihugu ca Senegal, kandi baripfuza kw’ayo matora yo mu ncuro igira kabiri, yongenda neza, nk’uko amatora yo mu ncuro ya mbere, yagenze neza.
President Olusegun Obasanjo yahoze atwara igihugu ca Nigeria, arongoye intumwa z’ishirahamwe rya Afrika zijejwe kugenduza ayo matora, yaratangaje ibiharuro vya mbere vy’amajwi y’ayo matora.
Ati nashaka kwibutsa kw’abategetsi hamwe n’abanyagihugu bo muri Senegal, bakwiye gukezwa, kubera ukuntu bigenjeje mur’aya matora yabaye musi itatu iheze
Ishirahamwe ry’ibihugu vy’ibulaya, naryo nyene, ryaratanze ubutumwa bwo gukeza abanyagihugu bo muri Senegal, yamara, riraheza ryoryo, riranebagura gatoyi inyifato ya reta. Thjis Berman, niwe mukuru w’intumwa z’ishirahamwe ry’ibulaya, akaba yaragize ico avuga kur’ayo matora.
Berman yaranebaguye ukuntu abantu bariko baragira imyiyerekano bashigikiye president Wade, bahawe uburenganzira bwo kuja imbere ya presidence ku murwa mukuru Dakar, mu gihe abantu bariko baragira imyiyrekano yo kwiyamiriza ubutegetsi, bimwe uburenganzira bwo kwogera ico kibanza.
Igihe abantu isinzi batavuga rumwe na reta, bakoranira hafi y’ico kibanza imbere y’uko amatora aba, barashwiragijwe n’abapolisi babasutsemwo imyuka ihumya amaso hamwe n’insoro zitica. Abantu bashika batandatu bariko baragira imyiyerekano, barishwe mu gisagara ca Dakar hamwe no mu bindi bisagara.
Ivyo vyaratumye, igihugu ca Senegal cahora cubashwe mu makungu, kihatakariza. Yamara umushingantahe Wade, yariyamirije ibirogo bivuga ko reta yakoresheje agahotoro n’akagagazo.
Umushingantahe Wade avuga kw’abanyasenegal bakoreye hamwe mu kurangura amabanga bajejwe yo kwitaba amatora, kandi ngo barabeshuje abantu bose bari batangaje ko hagiye kwaduka amakuba mu gihugu ca Senegal.
Amatora yo mu ncuro igira kabiri, ategekanijwe kw’igenekerezo rya 18 ry’ukwezi kwa gatatu.