Umunyeshure w’Umurundi mu gihugu c’Uburusiya, yariko yiga ubuhinga bwo kwubaka, Jolivet Makoroka, yaragandaguwe n’abantu bakekwa kuba intagondwa z’inkozi z’ikibi muri ico gihugu.
Ikiziga ca Nyakwigendera Makoroka catowe ku musi wa Mungu hafi y’uburaro bwa kaminuza yahora yigamwo iri mu gisagara ca Mosku, aho yari yabuze kuva ku musi wa kane.
Ambassaderi aserukira Uburundi I Mosku, Edward Bizimana, mu kiganiro n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Frederic Nkundikije, yasiguye aho amatohoza kuri urwo rupfu ageze.
Facebook Forum