Uko wahagera

Amatohoza ku Cateye Insanganya y'Indege Itwara Imiti muri Kenya


Ikarata yerekana ahabereye isanganya
Ikarata yerekana ahabereye isanganya

Abategetsi muri Kenya bariko baraperereza ku coba catumye indege itwaye ibikoresho vyo kwa muganga ikoroka igahitana ubuzima bw’abantu 6.

Abajejwe uruja n’uruza rw’indege muri Kenya batangaje ko iyo sanganya riteye amakenga. Bavuga ko iyo ndege yariko yegereza akarere ka Bardale muri Somaliya imenyekanisha ikibazo kikiriko kiratohozwa.

Abategetsi muri Somaliya bo bavuga ko iyo ndege yarashwe. Ahmed Isaq umutegetsi muri ako karere k’ubumanuko bushira uburengero bwa Somaliya yabwiye itororokanyirizo ry'amakuru AP y'uko missile yarashe iyo ndege yaje ivuye ku butaka muri ako karere aho iyo ndege yari igira imanukire ku kibuga c’indege ca gisirikare imbere yo kubandanya urugendo rwayo.

Ico kibuga c’indege kiyobowe n’abasirikare ba Etiyopiya mu bikorwa vy’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mu kugwanya umugwi w’abagwanyi ba al-Shabab bakorana na al-Qaida. Abo bagwanyi ni bo bakorera muri ako karere iyo ndege yaguyemwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG