Amakuru yari akiri ibanga yagiye ahabona aravuga ukuntu abantu bari mu mirwi itandukanye bahisha amatungo yabo mu bihugu bitandukanye vyo ku isi. Abantu amajana n’amajana barimwo abakuru b’ibihugu, abanyapolitike bakomakomeye, abanyamatungo, abantu bakirangiranwa, abakuru b’amadini hamwe n’abadandaza ibiyayura umutwe, bamaze imyaka irenga 25 banyegeza amafaranga bakoresheje mu kugura ibizu binini binini, amazu ari ku nkengera y’ibiyaga n’amabahari hamwe n’amato yo kunezerwamo.
Ivyo biri muri raporo y’impapuro zirenga imiliyoni 12 z’amashirahamwe 14 yo kw’isi yatoye ayo makuru, nk’uko bitangazwa n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, AP. Iyi ni raporo yashizwe ahabona ejo ku musi wa Mungu n’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru 600 bakorera ibinyamakuru 115 vyo mu bihugu 117, banonosye ivyerekeye amatohoza.
Iyo raporo yiswe “ Pandora Papers” kuko ivyo ishira ahabona inyifato y’abategetsi hamwe n’abanyuzwe na ruswa yigeze kuvuga ukuntu abo bantu bakoresha amakonte yabo mu mahanga kugira banyegeze amadolari aharurwa mu matrillioni, batunze.
Mu banyapolitike bari mu mabanga yabo n’abayavuyemwo 330 badomweko urutoke muri iyo raporo harimwo amakonte y’ibanga y’umwami wa Yordaniya King Abdullah II, uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Tony Blair, umushikiranganji wa mbere wa Republika ya Czeck Andrej Babis, Prezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta. Harimwo na none prezida wa Ecuador Guillermo Lasso hamwe n’abakorana n’umushikiranganji wa mbere wa Pakistani Imran Khan n’abakorana na prezida w’Uburusiya Vladimi Putin.
Iyo raporo nshasha isa n’iyindi yatangajwe mu mwaka 2016 yiswe “Panama Papers”, nayo nyene yashizwe ahabona n’uyo murwi w’abamenyeshamakuru.
Facebook Forum