Uko wahagera

Amatohoza Ashobora Gutuma Trump Yeguzwa Yoba Agiye Kuvyuka?


Amafoto ya Prezida Trump na Robert Mueller

Umutegetsi wo hejuru mu bashingamateka bo mu mugambwe w'Abademokrate yatangaje ko umushikirizamanza adasanzwe, Robert Mueller, azotanga ivyemezo bishobora gutuma amatohoza ku vyaha bishobora kweguza Prezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yongera gutangura.

Bitegekanijwe ko Mueller arenguka imbere y’inama nshingamateka ku musi wa gatatu kugira atomore nimba Prezida Trump n’abari bajejwe ibikorwa vyo kwiyamamaza kwiwe mu 2016, barakoranye n’Uburusiya, n'uko ico gihugu coba carivanze muri ayo matora.

Ikindi vyitezwe ko Mueller atomora ni uruhara Trump yoba yaragize mu kugerageza kuburabuza amatohoza kuri ivyo vyaha vyose yagirizwa.

Icegeranyo Mueller yashikirije haraheze iminsi kivuga ko ata vyemezo bihagije yatororokanije vyotuma ashika ku ngingo ivuga ko Prezida Trump hamwe n’abari bajejwe ibikorwa vyiwe vyo kwiyamamaza, bakoranye n’Uburusiya.

Muri ico cegeranyo yamara Mueller avuga ko adashobora gukurako iceyi Prezida Trump ku bijanye no kuburizamwo iryo tohoza.

Abashingamateka bahurikiye mu mugambwe wa Trump w’Abarepublikane bavuga ko ata bintu bishasha Mueller azoshikiriza biruta ivyo yashikirije mu cegeranyo yatanze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG