Uko wahagera

Amatati y'Ibidandazwa Hagati y'Ubushinwa n'Ubuhindi


Ubuhindi bufise imigambi y'ukwihoza ibidandazwa biva mu gihugu c'Ubushinwa, inyuma yuko ivyo bihugu vyompi bitanye mu mitwe ku rubibe bisangiye.

Igihugu c’Ubuhindi gifise imigambi y’ukwongereza inzitizi n’amatagisi ku bwoko bw’ibidandazwa 300 biva mu Bushinwa. Ni inyuma yuko abasirikare 20 b’Ubuhindi bishwe mu gutana mu mitwe hagati y’ivyo bihugu 2 kwabereye mu gice kirimwo amatati hagati yavyo mu mitumba ihanamye cane ya Himalaya.

Ku muhingamo wo ku musi wa mbere abasirikare b’Ubushinwa n’Ubuhindi bararwanye mu kiringo c’amasaha atari make mu kiyaya ca Galwan kiri hagati y’intara ya Tibet mu Bushinwa n’intara ya Ladakh mu Buhindi.

Abasirikare 20 b’Ubuhindi barahasize ubuzima, mu gihe Ubuhindi buvuga ko Ubushinwa nabwo nyene bwabuze abasirikare batari bake.Niko gutana mu mitwe hagati y’ivyo bihugu 2 kwihaye inkumbi bikomeye mu kiringo kiri hafi y’imyaka 60.

Uruhande rumwe rwagiriza urundi ko ariwo rwajabutse urubibe gukora ibitero.Ubucuruzi hagati y’Ubushinwa n’Ubuhindi bwageze ku gaciro k’imiliyaridi 78 n’imiliyoni 400 y’amayero mu mwaka w’amafranga warangiye mu kwezi kwa gatatu mu mwaka w’i 2019. Ubushinwa nibwo bwakuye inyungunini cane muri ubwo budandaji kurusha Ubuhindi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG