Uko wahagera

Amashure Yongeye Kugurura muri Afurika y'Epfo


Abanyeshule batanguye gusubira mu mashule uno musi ku wa mbere muri Afrika y'Epfo. Biri mu ntumbero y’ukudohora ingingo zari zafashwe kubera ikiza c’umugera wa Corona.

Ingingo y’ugusubira kwugurura amashule yari yatebejwe inyuma yuko amasendika y’abigisha yari yabasavye kwihoza ingingo ya Reta mu ndwi iheze. Ivyo mu kuvuga ko amashule atari yafashe ingingo zihagije mu bijanye n’isuku hamwe n’izindi ngingo zigenewe gukingira abigisha n’abanyeshule.

Umushikiranganji w’amashule matomato muri Afrika y’epfo, Angie Motshekga, yatangaje ku musi w’Imana ko utwigoro tw’uguha ibikoreshso amashule mu kiringo c’indwi irangiye ari ukuvuga ko ibice 95 kw’ijana vy’amashule matomato n’amashule yisumbuye ashobora gutangura kwigisha muri iki gihe. Amenyesha ko ata shule na rimwe rizotangura mu gihe ritazoba ryiteguye.

Amashule atari make ya reta muri Afrika y’epfo ntiyifashe neza, cane cane mu bice vyo hagati mu gihugu. Ica kane muri yo nta mazi afise, mu bituma abanyeshule badashobora gukaraba iminwe. Ayandi yarononywe canke araturirwa n’inkozi z’ikibi mu gihe ingingo z’ukuziririza abanyagihugu kuva mu ngo zabo yamaze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG