Uko wahagera

Amashure Yongeye Gutangura i Wuhan iyo COVID-19 Yatanguriye


Abanyeshule basubiye kwiga mu gisagara ca Wuhan mu gihugu c'Ubushinwa aho ikiza c'umugera wa Corona catanguriye.

Basubiye mu mashule uno musi ku wa gatatu, bambaye udukingirizo ku munwa kandi babanje gusuzumwa ubushuhe bw’umubiri.

Bubaye ubwa mbere basubira mu mashule kuva igisagara ca Wuhan aho ikiza c’umugera wa Corona catanguriye cugaye imirimo yose mu kiringo c’imisi 60 kuva mu kwezi kwa mbere kw’uyu mwaka. Ico gisagara casubiye kwugurura imirimo mu ntango z’uku kwezi.

Abategetsi mu gisagara ca Wuhan batangaza ko abanyeshule n’abakozi bo ku mashule bose bategerezwa gupimwa imbere yuko bagaruka ku mashule, mu gihe uburaro bwabo bwapomfwe imiti bwongera burasukurwa.

Abanyeshule n’abakozi bo ku mashule bapimwe ubushuhe bw’umubiri bageze ku rwinjiriro rw’amashule yabo. Abo vyibonekeje ko bafise ubushuhe buri hejuru ntibemerewe kwinjira. Abapolisi bari bacungeye urwinjiriro ry’amashule.

Mu bindi bice vy’Ubushinwa, amashule yari yugaye kuva mu kwezi kwa mbere yatanguye kugenda arugurura buhoro buhoro mu kwezi guheze. Mu bisagara vya Beijing na Shanghai, bamwe mu banyeshule bagarutse kwiga mu ndwi iheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG