Amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka muntu, yaranebaguye ugusubira gushikiriza inama nshingamateka itegeko rigwanya abakundana n’abo bangiye ibitsina mu gihugu ca Uganda, itegeko risaba igihano c’ugupfa, ku babandanije kwerekana iyo nyifato.
Umutegetsi w’ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka muntu, Amnesty International, yatangaje kw’iryo tegeko ryashikirijwe inama nshingamateka y’igihugu ca Uganda ku musi wa kabiri, rizogeramira bikomeye uburenganzira bw’abanya Uganda bose niyo ryemezwa.
Iryo tegeko, ryashikirijwe n’umushingamateka w’umunya Uganda, David Bahati, rigira icaha, kutamenyesha abategetsi ibikogwa vy’abakundana n’abo basangiye ibitsina.
Bahati yaari yashikirije ubwa mbere itegeko rigwanya abakundana n’abo basangiye ibitsina mu mwaka w’2009, yamara iryo tegeko, mu nyuma yaho, ryarahagaze mu nama nshingamatea.
Iryo tegeko ryaranebaguwe bikomeye n’amakungu, mu gihe prezida wa Amerika Barack Obama yavuze kw’iryo tegeko rigayitse.