Uko wahagera

Rwanda: Inama Igamije Guhindura Amasezerano yo Gukingira Ibidukikije


Umushikiranganji wa Reta ya Amerika, John Kerry, azofata urugendo mu gihugu c’Urwanda, ku matariki ya 13 na 14 y’ukwezi kwa cumi, mu ntumbero yo kwifatikanya na Gina McCarthy, Umurongozi w’Ishirahamwe rya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, rijejwe gukingira ibidukikije, hamwe n’abandi, mu nama yo gushitsa intumbero bihaye ku bijanye n’amasezerano y’i Montreal.

Amasezerano y’I Montreal yerekeye guhagarika ivyuka vyonona akayungiro k’imishwarara y’izuba, akaba ari nayo masezerano ajanye n’ibidukikije yagize amahirwe yo gukomera cane, yongera aterwako igikumu n’abatari bake.

Ayo masezerano yatumye igicu gisanzwe kirimwo iyo mishwarara kigaruka, bivuye ku ngingo zijanye no gucungera uburyo gikoreshwa.

Imishikirano igiye kubera mur’iyo nama, i Kigali, mu Rwanda, ikazoba ar’akaryo ko guhindura ayo masezerano adasanzwe ku bijanye n’ihingugwa ry’ivyuka vya Hydrofluorocarbures, n’uburyo bihagarikwa gukoreshwa. Ivyo vyuka vyahavuye bibera intambamyi ikirere, naho ataco vyari bitwaye, bikaba bifise uruhara runini mw’ihindagurika ry’ibihe.

Isubirwamwo ry’ayo masezerano rikaba ryaturutse mu masezerano y’I Paris ajanye n’uburyo ikinjana turimwo cohera ibihugu vyagabanije ubushuhe bisanzwe bikoresha.

XS
SM
MD
LG