Uko wahagera

Reta ya Siriya n'Abayirwanya mu Biganiro


Intumwa ya ONU muri Siriya Staffan de Mistura
Intumwa ya ONU muri Siriya Staffan de Mistura

Ibiganiro vya politike hagati ya reta ya Siriya n’abatavuga rumwe nayo bigiye kwongera gutangura kur’uyu wa gatatu ariko zimwe mu ntumwa zihambaye mur’ivyo siho bazoba bari.

Intumwa ya ONU muri Siriya Staffan de Mistura n’abo bafashanya kwumvikanisha abashamiranye muri Siriya imenyesha ko yiteguye kwakira intumwa mu gisagara ca Geneve mu Busuwisi aho ivyo biganiro bibera.

Umuvugizi w’iyo ntumwa ya ONU Jessy Chahine amenyesha ko benshi mu ntumwa bazoshika kumataliki ya 13 canke 14.

Uruhande rw’abatavuga rumwe na reta ya Siriya bamenyesha ko batazokwitaba kumusi wa mbere ivyo biganiro bitangurira. Reta ya Siriya nayo nyene yamenyesheje ko itahita ivyitaba mu misi ya mbere.

Ivyo vyerekana ko ivyo biganiro bizotangura neza nyezina kw’italiki ya 14 z’uku kwezi kwa gatatu. Ikintu nyamukuru ivyo biganiro bizoshimikirako n’ukuraba ko ivyo gushikiriza imfashanyo abazikeneye hamwe no gushira ibigwanisho hasi vyubahirijwe.

XS
SM
MD
LG