Uko wahagera

Obama Yasavye Ubwongereza Kugumana n'Ubulayi


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yarashikirije iciyumviro ciwe ku mpari zikomeye, ku vyerekeye referandumu izoba kw’italiki 23 z’ukwezi kwa gatandatu mu Bwongereza.

Abongereza bazohitamwo nimba igihugu cabo kizoguma mu muryango w’ubumwe bw’Ubzulayi. Perezida Obama yasavye Ubwongereza kuguma muri uwo muryango.

Ari kumwe n’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, David Cameron, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku wa kane, i Londres, mu Bwongereza,, Obama yavuze ko Ubwongereza bugira inguvu igihe mu muryango w’ubumwe bw’Ubulayi. Ni mu nyuma yuko abo bategetsi babiri bagiranye ibiganiro,

Perezida Obama ymenyesha kw’Ubwongereza bukomeza umutekano n’iterambere ry’uwo muryango. Yavuze kwicamwo ibice mu karere k’Ubulayi vyogabanya inguvu z’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTAN.

Yongeye avuga ko Ubwongereza bwoza ubwa nyuma ku bijanye n’amasezerano yerekeye ubudandaji na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, hamwe ico gihugu cova mu muryango w’ubumwe bw’Ubulayi.

XS
SM
MD
LG