Uko wahagera

Iraki: Abarwanyi Bishe Abantu Umunani


Umugwi w’intagondwa wa reta ya Kiyisilamu waragavye igitero ku biro bikuru vy’igisirikare ca Iraki mw’ijoro ryo kur’uyu wa mbere gihitana abasirikare umunani ba Iraki barimwo na komanda w’ako karere. Ivyo bimenyeshwa n’abategetsi ba gisirikare na polisi ba Iraki.

Abarwanyi bane baje biyoberanije biyambitse imyambaro ya gisirikare baca batera ivyo biro vya gisirikare biri mu gisagara ca Haditha kiri ku bilometero 240 mu buraruko bushira uburengero bwa Baghdad, mu ntara ya Anbar. Abategetsi ba gisirikare bavuga ko umwiyahuzi umwe yiturikirijeko igisasu akiri kw’irembo mugihe abandi batatu baturikije ibisasu bamaze kwinjira mu kigo c’ivyo biro vya gisirikare.

Umugwi w’intagondwa wa Reta ya Kiyisilamu wiyemereye ko ariwo wagavye ico gitero.

XS
SM
MD
LG