Uko wahagera

Amerika: U Rwanda Ruteza Uruhagarara mu Burundi


Inkambi ya Mahama
Inkambi ya Mahama

Reta zunze ubumwe z’Amerika ziratunga urutoke igihugu c’u Rwanda. Reta y'Amerika ivuga kw’ico gihugu gifise uruhara mu bikorwa vyo kudurumbanya umutekano mu Burundi.

Abategetsi babiri bakomeye bo muri reta ya Amerika, baragiriza u Rwanda ko ruriko rurahungabanya umutekano mu gihugu kibanyi c’Uburundi, gisanzwe kiri mu bibazo vya politike, bimaze guhitana ubuzima bw’abatari bake.

Icegera c’umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Amerika ajejwe intara ya Afurika Linda Thomas-Greenfield, yaratangaje kw’atewe amakenga n’urwo ruhara rw’u Rwanda, ku mutekano muke urangwa mu Burundi. Ivyo yabivuze mw’ijambo yashikirije umurwi w’abasenateri bo muri Amerika ujejwe imigenderanire n’amakungu, ejo ku musi wa gatatu itariki 10 y’ukwezi kwa kabiri.

Uwundi mutegetsi akomeye muri Amerika yavuze kur’ urwo ruhara rw’igihugu c’Urwanda mu guhungabanya umutekano mu Burundi, n’intumwa idasanzwe ya Perezida Barack Obama mu ntara ya Afrika y’ibiyaga binini,Thomas Perriello, yatangaje ko hari amaraporo yizigiwe yerekana kw’ abategetsi b’u Rwanda bariko barinjiza mu mirwi y’abarwanyi, impunzi z’abarundi ziri mu makambi y’impunzi mu Rwanda, kugira zirungikwe kuja gukora ibitero mu Burundi, ku ruhande rw’abatavuga rumwe na reta y’Uburundi.

Umushingantahe Perriello avuga kandi ko mur’izo mpunzi z’abarundi ziriko zigirishwa imyimenyerezo ya gisirikare, harimwo abana, nk’uko yavyivugiye agira ati :

“Hari amakuru yemewe avuga ko mu mpunzi z’abarundi, harimwo n’abana binjizwa mu mirwi y’abagwanya ubutegetsi,bakurwa mur’ayo makampi, kugira barungikwe kugwana ku ruhande rw’imirwi itavuga rumewe na reta. Ati jewe ubwanje, nariboneye abana batatu b’abarundi, bavuga ko binjijwe mu mirwi irwanya ubutegetsi mu makambi y’impunzi mu Rwanda, bemejeko bahawe imyimenyerezo ya gisirikare, kugira baje gutera Uburundi, babanje gucishwa mu gihugu ca Republika ya Congo iharanira Demokarasi ya Congo, bakanaronswa na za karangamuntu z’amagendu zo mur’ico gihugu

XS
SM
MD
LG