Uko wahagera

Burundi: Isabukuru Higanwa ry'Abatimbo muri Gitega


Burundi Ingoma
Burundi Ingoma

Mu ntara ya Gitega, bamwe mu banyagihugu bahinduye umwuga gukina ingoma. Umutama Arcade Congera w’imyaka 56 ari mu batimbo bo mu gishora muri komine Giheta intara ya Gitega amaze imyaka 41 avyina yongera akina ingoma avuga ko iy’abatimbo bava mu mihingo itandukanye bahuye bituma bunga ubutucuti. Kubw’iwe, umuco utegerezwa guhanahanwa uk’urunganwe rukurikirana.

Ariko hari ikimubabaza kikamusonga muriki gihe.Ubushikiranganji bw’inkino n’imico kama bumenyesha ko ata ngorane irimwo kubona ingoma zitavugirizwa abategetsi gusa nko muri kahise. Sylvere Nshagirije, umunyamabanga ntayegayezwa murubwo bushikiranagnji aratanga imvo. N’abo batimbo nyene baremeza ko ingoma zabagiriye akamaro mu buzima bwabo bwa misi yose.

Ibishimwa n’umutama Congera sivyo gusa. Kuva mu mwaka w’i 2014 ingoma z’Uburundi ziri ku rutonde rw’umurage mpuzamakungu muvyerekeye imico kama "patrimoine mondial de l’humanité" mu gifaransa. Leta ivuga ko ari intambwe idasanzwe kuko umurisho w’Uburundi ata gihugu na kimwe kizosubira kuwiyitirira.

Naho ingoma z’Uburundi zabwegukiye burundu mw’isi nzima hari intambamyi izigeramiye. Ibiti vyitwa umuvugangoma zikorwamwo biri ku mushiro. Kugira biboneke, abatimbo barashobora kuva mu ntara bakaja mu yindi babihiga. Ubushikiranganji bujejwe imico kama bwemeza ko bugiye kwicarana n’ubwibidukikije kugira barabire ukuntu bogwiza bakanakingira ivyo biti vyo mu bwoko bw’umuvugangoma.

Kuva ingoma z’Uburundi zemewe nk’umurage bwite w’Uburundi ku rwego mpuzamakungu, ibaye incuro ya kabiri hatunganijweisabukuru higanwa ry’ingoma. Kuva havuyeho intwaro ya cami hari ibitari bike vyahindutse mu muco w’ugukina ingoma. Kera zavuzwa n’umuryango w’abantu bita « abanyagisaka » gusa. Ariko ubu abantu bava mu moko atandukanye baremerewe kuzivuza. Mugabo gushika n’ubu abakenyezi n’abigeme ntibaremererwa kuvuza ingoma.

XS
SM
MD
LG