Uko wahagera

ONU: Amatora Yaranzwe n'Urugomo muri Uganda


Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe agateka kazina muntu, biriyamiriza ubwicanyi n’ibikorwa vyo guhungabanya agateka ka muntu vyabaye mundwi irangiye mu matora y’umukuru w’igihugu mu Buganda.

Ivyo biro bimenyesha kandi ko bigihagaritswe umutima n’ukuntu ibintu vyifashe mur’ico gihugu inyuma yayo matora. Abagenderezi ba ONU muvy’agateka ka muntu bamenyesha ko abantu babiri bishwe mur’ico gihe c’amatora mugihe igipolisi cariko kiraburizamwo imyigaragamvyo y’abatavugarumwe na reta ya Uganda mu ndwi iheze.

Bamenyesha ko abasirikare n’abapolisi ba Uganda bafashe abatari bake mu batavugarumwe n’ubutegetsi barimwo n’abakandida batatu bariko bitoza mukibanza c’umukuru w’igihugu batawe mu mvuto.

Perezida Yoweri Museveni ari ku butegetsi kuva mu mwaka w’1986, aheruka gutsindira ikiringo ca gatanu mu matora benshi mu bayakurikiranye bemeza ko atagenze neza kandi yabayemwo utunenge.

XS
SM
MD
LG