Uko wahagera

Siriya:Amerika n'Uburusiya Bishaka Agahengwe


A gathering in the U.N. Security Council of foreign ministers lead by U.S. Secretary of State John Kerry vote on a draft resolution concerning Syria, at U.N. headquarters, Dec. 18, 2015.
A gathering in the U.N. Security Council of foreign ministers lead by U.S. Secretary of State John Kerry vote on a draft resolution concerning Syria, at U.N. headquarters, Dec. 18, 2015.

Reta Zunzubumwe z'Amerika n’Uburusiya batanguye ibiganiro kugira barabe ko intambara muri Siriya yohagarara. Ariko biragaragara ko atamahirwe menshi bafise yuko aberwa nizo ntambara bazohura mu ndwi iza kugira batange agahengwe mur’izo ntambara.

Abategetsi b'Amerika n’Uburusiya ejo kuwa gatanu niho bahurira I Jeneve mu Burusiya kugira barabire hamwe inzira bofata kugira bahagarike burundu imigwano gurtyo imfashanyo zibashe gushikira abanyagihugu.

Ibihugu cumi n’indwi vyagiye hamwe mu gufasha Siriya vyaremeranije gushiraho umurwi ujejwe guhagarika intambara mu nama yabereye in Munich mu Budagi kuwa gatanu w’indwi iheze.

Reta y'Amerika n’Uburusiya nivyo bihugu vyagenwe kurongora uyo mugwi. Ku musi wa kane uza niho hari hategekanijwe ibindi biganiro vy’abegwa n’intambara muri Siriya ariko vyarigijwe imbere kuyindi taliki itaramenyekana.

XS
SM
MD
LG