Uko wahagera

Libiya: Amerika Yateye Bombe ku Birinditi vya ISIS


This picture released online by the Sabratha Municipal Council on Feb. 19, 2016, shows the site where U.S. warplanes struck an Islamic State training camp in Sabratha, Libya near the Tunisian border.
This picture released online by the Sabratha Municipal Council on Feb. 19, 2016, shows the site where U.S. warplanes struck an Islamic State training camp in Sabratha, Libya near the Tunisian border.

Indege z’intambara za Reta Zunze ubumwe za Amerika zaragavye ibitero mukibanza umugwi w’intagondwa witwa Reta ya Kiyisilamu ugiriramwo imyimenyerezo ya gisirikare kiri mu burengero bwa Libiya. Ico gitero cabaye ejo kuwa gatanu hafi y’urubibe Libiya gihana na Tuniziya, cahitanye abarwanyi barenga 40 harimwo n’umutegetsi akomeye w’uwo mugwi w’intagondwa witwa Reta ya Ki Isilamu yitwa Noureddine Chouchane.

Chouchane yagirizwa kugira uruhara mu bitero bibiri vy’iterabwoba vyabereye muri Tuniziya mu mwaka uheze vyahitanye abantu bashika 60. Igihugu c’Ubwongereza cashimishijwe nico gitero bica bituma gitanga uburenganzira bwo gukoresha ibibuga vy’indege zabo biri mur’ako karere kugira bikoreshwe mukugaba ibindi bitero.

XS
SM
MD
LG