Uko wahagera

Amakungu Akomeje Kuremera Etiyopiya ku Kibazo c'Impunzi


Impunzi z'Abanyasudani y'ubumanuko mw'ikambi ya Nguenyyiel muri Etiyopiya.

Ingingo nshasha za reta ya Etiyopiya zigenga ukuntu ubuhungiro busabwa muri ico gihugu, zirabangamiye abanya Eritreya babanyi b’ico gihugu hamwe n’imiryango yabo, basaba ubuhungiro, nk’uko vyatangajwe n’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch ejo ku musi wa kabiri.

Iryo shirahamwe rivuga ko mu kwezi kwa mbere, igihugu ca Etiyopiya cahinduye ingingo zigenga impunzi zari zahaye abanya Eritreya ubuhungiro.

Kuva kera na rindi, Etiyopiya cahaye ubuhungiro ibihumbi n’ibihumbi vy’abanya Eritreya bahunga ubutegetsi bw’igitugu. Abanya Eritreya basavye ubuhungiro mu gihugu ca Etiyopiya bangana n’ibice 22% vy’impunzi zose ibihumbi 750 zatse indaro mur’ico gihugu.

Mu kwezi kwa gatatu, Etiyopiya caratangaje ko kigiye kwugara ikambi y’impunzi iri mu buraruko ihaye indaro abanya Eritreya ibihumbi 25.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu asaba igihugu ca Etiyopiya kudashira mu ngiro izo ngingo zima ubuhungiro abanya Eritreya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG