Uko wahagera

Amakenga ku Cateye Umuriro ku Muringoti w'Ibitoro muri Misiri


Ikarata y'ahaherereye MisirI
Ikarata y'ahaherereye MisirI

Umuriro mwinshi wadutse inyuma yuko ibitoro bivuye mu muringoti uri hafi y’ibarabara ririmwo uruja n’uruza rukomeye rw’imodoka mu gice kiri ku nkengera z’umurwa mukuru wa Misiri, Cairo wakomerekeje abantu 17.

Ivyuma bituma ibitoro bitembera muri uwo muringoti vyugawe bidatevye mu karere uwo muriro wadutsemwo. Imbeya zatse kuri uwo muringoti zarashoboye guhagarikwa nk’uko bitangazwa n’ubushikiranganji bujejwe ibitoro.

Abategetsi ntaco batangaje buno nyene ku catumye ibitoro bishobora kuva muri uwo muringoti uri ku metero imwe n’igice musi y’ubutaka. Umwe mu babonye ivyabaye avuga ko imodoka zitari nke zisa n’izari zatawe na benezo zahiye.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe ibitoro, Hamdy Abd El Azizi, yatangaje ko igice cegereye aho umuriro wadutse cari cazibiwe co kimwe n’ibarabara riri hafi yaho. El Azizi ntiyatangaje igihe bazosubira kwugurura ibitoro. Yaranse kandi kuvuga ku kugene umuringoti uca musi y’ubutaka washoboye kwononekara. Yavuze ko umurwi w’ugutohoza ivyabaye washizweho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG