Uko wahagera

Amafoto y'Isengero Rikuru ry'abakatorika i Paris mu Bufaransa Ryahiye

Umwungere wa Ekleziya katolika Papa Fransisko kuri uno wa kabiri yahamagariye amakungu guterera kugira katedrale ya Notre Dame y’i Paris mu Bufaransa yaraye yadutsemwo umucanwa atawuramenya icawuteye isanurwe.

Muri telegramu Papa Francisko yarungikiye aricheveke mukuru w’i Paris, Michel Aupetit, yashimiye abajejwe kuzimya umuriro ku “butwari n’ubwira” berekanye mu gutabara yongera avuga ko yipfuza ko iyo katedrale isanugwa bidatevye.

Papa Francisko yijeje Abafaransa n’abakirisu kubaba hafi muco yise ibihe vy’umubabaro barimwo. Yagize ati: “uwo mubabaro turawusangiye. Nivyo uwo muriro warononye ikimenyesto gikomeye mu mateka ya Ekleziya ariko cari n’ikimenyetso gikomeye mu mateka y’igihugu c’Ubufaransa.”

Voma ibindi

XS
SM
MD
LG