Uko wahagera

Amafoto y'Ivyononywe n'Imvura Yahitanye 30 mu Burundi

Umwe mu bacitse kw’icumu yatubwiye ko “yabuze abantu bane bo mu muryango wiwe”. Uwundi nawe ati” Hari imiryango ibiri yose y’abaturanyi ata we uzi irengero ryayo”

Abantu barenga 30 ni bo bamaze kumenyekana ko bahitanywe n'imvura nyinshi yaguye muri komine Mugina, intara ya Cibitoke mu buraruko bushira uburengero bw'Uburundi kuva ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu. Amazu n'imirima bitazwi igitigiri navyo vyarononekaye.

Uduce twasinzikaye kurusha utundi ni imitumba ya Nyempundu, Rukombe na Gikomero iri muri zone Nyamakarabo.

Mu mwanya wa mbere polisi y'Uburundi yari yavuze ko abahitanywe n’iyo mvura y’isegenya bagera kuri 38, amazu atazwi igitigiri n’imirima navyo birononekara. Mu nyuma ku rubuga rwa twitter rw’ubushikirngaji bw’umutekano ico gipolisi cahavuye candika ko abamaze guhitanwa n’imisozi bitewe n’imvura nyinshi ari 26, indwi bakomeretse, abagera kuri 10 nabo ata we uzi irengero ryabo.

Amakuru Ijwi ry’Amerika ryahawe na bamwe mu banyagihugu ni uko abantu bahitanywe n’iyo mvura ari 26, abarenga 30 bakaba baburiwe irengero. Hari imiryango yagiye ibura abantu benshi icarimwe.

Umwe mu bacitse kw’icumu yatubwiye ko “yabuze abantu bane bo mu muryango wiwe”. Uwundi nawe ati” Hari imiryango ibiri yose y’abaturanyi ata we uzi irengero ryayo”



Voma ibindi

XS
SM
MD
LG