Uko wahagera

Bombe z'Uburuziya Zibasiye Etat Islamique muri Siriya


Igihugu c’Uburusiya kimenyesha ko cagavye ibitero vyinshi vy’amabombe umuhari wa Etat Islamique muri Siriya. Minisitiri w’ukwivunabansi w’Uburusiya Sergei Shoigu yamenyesheje Perezida wiwe Vladimir Putin kumusi wa gatanu ko indege z’intambara z’Uburusiya zasambuye ibibanza 15 uwo muhari ucukuriramwo ibitoro. Yavuze ko basambuye kandi ibiduga birenga 500 bitwara igitoro mur’iyi ndwi.

Shoigu avuga ko byakozwe mu ntumbero yo guhasha uwo muhari no kuwucira amavomo yose umuramwo amafaranga ukoresha mubikorwa vy’iterabwoba. Minisititi Shoigu yamenyesheje kandi ko ubwato bw’intambara bw’Uburusiya bwarungitse misile 18 kubarwanyi ba reta ya Islamike mu ntara za Raqqa, Idlib and Aleppo. Ahatewe ibibanza 7 birimwo abo barwanyi.

Uyu minisitiri amenyesha kandi ko ibitero vy’indege vyahitanye abarwanyi bashika amajana atandatu mu ntara ya Deir ez-Zour iri mu buseruko bwa Siriya. Yasobnauye ko ari ukwihora ku bitero uwo muhari wiyemereye ko wakoze mu gukorora indege y’Uburusiya muri Misiri n’ibiheruka kubera I Paris kuwa gatanu uheze.

XS
SM
MD
LG