Amadou Toumani Touré yahoze ari perezida wa Mali yitavye Imana. Umwishwa wiwe Oumar Toure yatangaje ano makuru avuga ko yashengeye mu bucagucagu bw’uno wa kabiri.
Yari amaze iminsi ariko yivuriza ingwara y’umutima muri Turukiya ari naho yaguye ku myaka 72. Imbere yo kuja kubandaniriza kwivuza muri Turukiya, Jenerali Toure yari yabanje kubagwa umutima gihutihuti muri Mali.
Perezida Amadou Toumani Touré yayoboye Mali kuva mu 2002 kugeza abasirikare bamwegujemu 2012. Yegujwe imbere y’uko aheraheza manda yiwe ya kabiri.
Amaze kweguzwa yaciye ahungira muri Senegali hama aza kugaruka mu 2017. Muri Mali bakunda kumutazira “ Umusirikare wa Demokarasi.”I bindi vyaranze ubuzima bwiwe turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.
Facebook Forum