Uko wahagera

Amabombe Yarihaye inkumbi ku Murwa Mukuru wa Syria, Damas


Ibitero Vya Bombe i Damas, muri Syria
Ibitero Vya Bombe i Damas, muri Syria

Ibinyamakuru, Radiyo na Televiziyo vya Reta vyatangaje kw’amabombe yari yatezwe mu modoka yaturitse akwirikirana

Amabombe abiri yari yatezwe mu modoka yaturikiye ku murwa mukuru w’igihugu ca Syria, Damas, hafi y’ikibanza kirimwo inyubakwa zijejwe iperereza ejo ku musi wa kane yahitanye abantu mirongo itanu na batanu abandi amajana atatu na mirongo irndwi barakomereka, mu cabaye igitero cihaye inkumbi kurusha ibindi mu gihugu kuva umugumuko w’abatavuga rumwe na Reta ya Syria utanguye hareheze amezi cumi n’ane.

Ibinyamakuru, Radiyo na Televiziyo vya Reta vyatangaje kw’amabombe yari yatezwe mu modoka yaturitse akwirikirana mu gice ca Qazaz ku murwa mukuru wa Syria, Damas mu masaha yo mu gitondo aba arangwa n’uruja n’uruza rukomeye cane.

Ico gitero cabereye hanze y’inyubakwa y’abajejwe iperereza ry’igisirikare. Ishirahamwe riharanira agateka muntu muri Syria rifise icicaro I Londres mu Bwongereza, Observatory for Human Rights ryatangaje benshi mu bapfuye n’abakomeretse bari abari mu nteko zijejwe umutekano za Reta ya Syria.

Nta wiyitiriye buno nyene ivyo bitero vy’amabombe. Abayoboye abatavuga rumwe na Reta batangaje kw’umugambi w’amahoro wazimanganye, mu gihe ibihugu vy’I Bulaya na Amerika bivuga ko uwo mugambi ariyo nziza nziza.

XS
SM
MD
LG