Uko wahagera

Perezida Trump Yagenye Umushikiranganji w'Amagara y'Abantu


Alex Azar ,Umushikiranganji mushasha ajejwe amagara y'abantu muri Amerika.
Alex Azar ,Umushikiranganji mushasha ajejwe amagara y'abantu muri Amerika.

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yagenye Alex Azar yahoze arongoye isosiyete ikora imiti, kuba umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu.

Niyo Alex Azar yemezwa n’inama nkenguzamateka, azoba asusbiriye Tom Pence yatanze imihoho mu kwezi kw’icumi na rimwe inyuma y'ivyo yise "Amarorerwa ajanye no gusesagura amafranga ya Reta"

Perezida Trump, mu butumwa ku rubuga rwiwe rwa Twitter, yamenyesheje ko Alex Azar azotuma uburyo bw’ukwivuza bwisununura ku banyamerika, ibiciro vy'imiti navyo bigakoroka cane.

Azar yakoze mu bushikiranganji bujejwe amagara y’abantu ku ntwaro ya Perezida, George W. Bush.

Yigeze kuba ayoboye isosiyete ikora imiti, Eli Lilly. Yavuye muri iyo sosiyete mu ntango z’uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG